KASARANI, NAIROBI — I Kasarani, aho n’i Nairobi mu murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, impunzi z’Abanyamurenge zikabakaba 200 zafunzwe n’igipolisi c’ico gihugu. Hari mu masaha atanu ya mu gitondo c’iri yinga, ubwo babasangaga mw’ikanisa ry’umupasiteri witwa Gahungu. Bahise baburiza ama modoka babajana ku kiwanja kiri muri ako gace ka Nairobi.
Ubu bose bateranyijwe muri ico kiwanja kugira ngo bategereze ico babwirwa n’igipolisi. Abo twashoboye kuvugana ku murongo wa telephone, bavuga yuko kugeza ubu bataramenya ico bafungiwe, ariko bakaba bakeka yuko hashobora kuba hari umugambi wo kubajana mu nkambi ubyihishe inyuma.
Muri iki gihugu hakomeje kuvugwa umutekano muke, aho mu minsi ishize abagizi ba nabi bateye ibisasu mu duce dutandukanye tw’igihugu.
Turakomeza dukurikirane iyi nkuru.